Siméon Barayandema yipfurije umuyobozi mushasha wa Olympic Star kwandikisha amateka, we atigeze yandikisha.

Kwandikisha amateka we atigeze yandikasha muri Olympic Star nivyo Siméon Barayandema yipfurije Nzeyimana Msafiri.

Uwahoze arongoye umugwi wa Olympic Star, Siméon Barayandame yipfurije Nzeyimana Msafiri, umuyobozi mushasha wa Olympic Star kwandikisha amateka menshi gusumvya ayo we yandikishije muruyo mugwi.

                                                                 Siméon Barayandema 

“Ndakeje Msafiri kuba yaragenywe  kunsubirire, ndamwipfurije imigisha muruno mwaka w’inkino, ndamwipfurije kandi gutahukana igikombe ca Primus Ligue nkuko avyipfuza. N’inararibonye muri Olympic Star, ndafise icizere ko azokora ibitari bike. Urugero umugwi warugezeko ukeneye inararibonye nka Msafiri kugira ubandanye utera imbere.”

Siméon Barayandema akaba yashikirije ivyo inyuma yaho Nzeyimana Msafiri amenyesheje ko afise ivyipfuzo vyo kwandikisha amateka gusumba ayo Siméon yandikishije muri Olympic Star.

Barayandema yagize n’ico asaba abakunzi ba Olympic Star

“Ndayavye abakunzi b’umugwi kumushigikira kuko n’igikorwa gikomeye komite yonyene itokwishoboza”

Mwomenyeko Siméon Barayandema yafashije Olympic Star kuntwaro gutahukana igikombe citiriwe umukuru w’igihugu hamwe n’ica Super Coupe.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: