Ivyaranze indwi ya mbere ya Primus Ligue Burundi.

Musongati FC hamwe n'abakinyi bawo bandikishije amateka atandukanye murino ndwi ya mbere ya Primus Ligue Burundi.

Indwi ya mbere y’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi yarangiye kuruyu w’imana amateka atandukanye yagiye arandikishwa n’abakinyi eka n’abamenyereza batandukanye, muri Primus Ligue murino ndwi. Bimwe mu vyaranze iyi ndwi navyo n’ibi bikurikira :

-Ibitsindo 16 nivyo vyatsinzwe murino ndwi ya mbere.

-Mpisemwoneza Ladislas, Pascal Ramadhan na Irakoze Saidi nibo bashoboye gutsinda ibitsindo 2 (Double).

-Faustin umukinyi wa Rukinzo FC abaye umukinyi wa mbere muruno mwaka yitsinze igitsindo.

-Messager Ngozi FC irumanije inkino 15 za Primus Ligue idatsindirwa muhira ku kibuga Urukundo.

-Flambeau De L’est ntiratsindira ku kibuga urukundo murukino rw’indwi ya mbere y’ihiganwa rya Primus Ligue uyu n’umwaka ugira kabiri, (2017-2018 yatsinzwe na Aigle Noir FC kurico kibuga nyene).

-Olympic Star, imaze imyaka 2 itsindwa mu rukino rwa mbere rwo gutangura ihiganwa, mu mwaka uheze watsinzwe na Messager Ngozi.

-Ibitsindo  8 nivyo vyinjijwe ku kibuga Ingoma

 mu nkino 3 zakiniwe kurico kibuga.

-Urukino rwahujije Athletico Olympic na Ngozi City nirwo rutabonetsemwo igitsindo.

-Imigwi yose murindo ndwi yatsinzwe ibitsindo bibiri, yari hanze y’ibibuga isanzwe yakirirako, (Vital’0 FC, Rukinzo FC na Flambeau De L’est).

-Flambeau Du Centre ubaye umugwi wa mbere murino ndwi  watsindiwe  ku kibuga basanzwe bakirirako.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: