Ikibazo Co Kwinjira Mu Mwaka w’Indwi w’Ishure y’Akarorero Kizokorwa Kuri Uyu wa 4.

Ubwo bushikiranganji bakamenyesha kandi yuko abanyeshure bategerezwa kuza bimosheje umushatsi kandi bambaye umwambaro w’ishuri.

Ikibazo co kwinjira mu mwaka w’indwi w’ishure y’akarorero ivyo bita école d’excellence mu rurimi rw’igifaransa kizokorwa kuri uyu wa 4.

Ivyo bikaba biri mwitangazo ry’ubushikiranganji bw’indero aho bumenyesha  kandi ko abanyeshure bari mu rutonde rwo gukora ico kibazo bategerezwa kuba barungitswe n’ishuri bavako bakibangikanya urupapuro rw’amanota baronse rukaba ruzoba ruriko n’ikidodo c’ishuri hamwe n’umukono w’umuyobozi waryo.

Ubwo bushikiranganji bakamenyesha kandi yuko abanyeshure bategerezwa kuza bimosheje umushatsi kandi bambaye umwambaro w’ishuri.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: