Intambara ya majambo hagati ya José Mourihno hamwe na Pep Guardiola.

Icuka kibi hagati ya José Mourihno na Pep Guardiola kimaze kuba kiharangwa

      Mugihe Manchester City yakoze aka documantaire kerekana amateka uyo mugwi wandikishije mu mwaka w’inkino uheze 2017-2018, ivyo Jose Mourihno ntiyavyeretswe ndetse yifatira mu gahanga Manchester City avuga ko amateka atagurwa.

Inyuma y’urukino umugwi wiwe wa Manchester City wanyagiye imvura y’ibitsindo umugwi wa  Huddersfield (6-1), Pep Guardiola yarishuye Jose Mourihno ata nakimwe amusigarije.

“Ego ndemeranya na Mourihno yuko ikibanza kitagurwa, twaraciye mubihe vyiza mu mwaka uheze, hariho amakamera yabifashe kandi ivyo nivyo natwe twikoreye (Documentaire). Machester City n’umugwi uriko uragerageza gukura no gutwara ibikombe nkuko iyindi migwi y’ibihangange kw’isi ibikora. Ivyo twakoze rero nivyo twikoreye twebwe nyene hamwe n’abakunzi bacu (Documentaire), ndazi yuko hariho ababikunze n’abandi batabikunze”

Ivyo birashobora gutuma imigenderanire yabo bagabo ba biri inyunyuka.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: