Iyi niyompamvu yatumye Jose Mourihno adakinisha Alexis Sanchez.

Manchester United yaratsinzwe idafise Sanchez, Jose Mourihno arasigura impamvu uyo mukinyi atagaragaye.

Mu rukino rw’indwi ya kabiri y’ihiganwa ryo mu bwongereza Premier League, umugwi wa Manchester United wari wagendeye ku kibuga ca The American Express Community  umugwi wa Brighton and Hove Albion kuruyu w’imana, utsindwa 3 kuri 2, umusatirizi wuyo mugwi Alexis Sanchez ntiyagaragaye mu bakinyi batangura canke basubirira abandi, mugihe ata makuru yatanzwe ko yoba yakomeretse, impamvu zo kutaboneka mururwo rukino nuko afise akagorane gatoyi nkuko vyashikirijwe na José Mourihno mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

                         Alexis Sanchez murukino rwa Leicester City ifoto  ya Talksport

« Alexis yarigukina uru rukino, ariko afise akagorane gatoyi, niyompamvu twafashe ingingo yo guha akaryo ko gukina uwundi musatirizi ».

 Mu kibanza ciwe Mourihno yaciye atanguza Anthony Martial afadikanije na Romelo Lukaku kuruhande rwubusatirizi.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: