Mu Ntumbero Yo Guhimbaza Umusi Mukuru w’Intama , Aba Islamu Bagera Kuri 60 Nibo Bashoboye Kuja i Mecque Mu kibanza Ceranda c’Idini ya Islam Kwifadikanya n’Abandi Ba Islam Kugira Bahimbarize Hamwe Uyo Musi Mukuru.

Kassim JAFFAR yarangije ashimira leta yashoboye kuronsa aba islamu ibiro vya hidja biri kw’izina ry’u Burundi kubera aba mbere bagenda bisunze ibindi bihugu bagaca mu Buganda canke muri Tanzania ariko ubu haraciye imyaka 2 abararundi baja guhiji i maka biciye ku biro vya hidja biri mu gihugu, impapuro zose bazironderera mu Burundi.

Aba islamu bagera kuri 60 nibo bashoboye kuja i Mecque mu kibanza ceranda c’idini ya Islam kwifadikanya n’abandi ba islam kugira bahimbarize hamwe umusi mukuru w’intama. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Kassim JAFFAR umuvugizi w’umuryango waba islamu mu Burundi COMIBU hari kuri uno wa 2 aho aba islamu bari mu Burundi bifadikanije n’abandi ba islamu bo kw’isi mu guhimbaza i laidi nkuru.

Aho twashoboye gushika ku kibuga ca COMIBU kiri muri zone Nyakabiga mu gisagara ca Bujumbura aho aba islamu batari bake bagizwe n’abagabo, abakenyezi n’abakiri bato bahuriye mu gisabisho co guhimbaza umusi mukuru w’intama, bamwe mu ba islamu bitavye ico gisabisho batanga insiguro y’uwo musi bita uw’intama n’ingene bawuhimbaje.

Umwe mu ba islamu twavugishije yatubwiye yuko uyo musi mukuru wi laidi nkuru ni umusi mukuru wa ibraham aho yashatse gutanga umwana wiwe Imana igaca  imwereka intama  kandi ngo uwo musi n’umusi uhimbaye wo kuraba abagenzi batishoboye, abagwayi, n’abandi bantu bafise ingorane zitandukanye.

Kubw’umuvugizi w’muryango w’aba islamu mu Burundi ngo uwo musi ni umusi mukuru w’aba islamu ngo mugabo n’abatari aba islamu urabaraba. Kassim JAFFAR amenyesha yuko inyigisho ya mbere bashimikirako kuri uyo musi ni ugushikana isezerano no kugendera ijambo umuntu natabe indyandya. Ico umuntu yemeye gukora agikore anafasha abandi.

Ngo uno musi w’intama rero n’umusi wo gufashanya, n’umusi wo gusangira umunezero.

Kassim JAFFAR yarangije ashimira leta yashoboye kuronsa aba islamu ibiro vya hidja biri kw’izina ry’u Burundi kubera aba mbere bagenda bisunze ibindi bihugu bagaca mu Buganda canke muri Tanzania ariko ubu haraciye imyaka 2 abararundi baja guhiji i maka biciye ku biro vya hidja biri mu gihugu, impapuro zose bazironderera mu Burundi.

 

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.