Nahodha’s Statistics: Ivyaranze indwi ya kabiri ya Primus Ligue Burundi.

Amateka yaranze ino ndwi ya 2 ya Primus Ligue Burundi.

Indwi ya kabiri ya Primus Ligue Burundi yarangiye, inkino umunani nizo zakinywe ku bibuga bitandukanye, ndetse habonetse ibiharuro bitari bike, amateka yandikishijwe nimwe mu migwi co kimwe n’abamenyereza.

                                                       Lydia Ludic ku kibuga Ivyizigiro

-Ibitsindo 16 nivyo vyinjijwe murino ndwi ya kabiri.

-Ibitsindo vyinjijwe muriyi ndwi ya kabiri 16, bingana n’ibitsindo vyinjijwe mu ndwi ya mbere.

-Musongati FC yahanaguye amateka mabi yo kudatsindirwa mu Rumonge ku kibuga Ivyizigiro, mu nkino 3 zo mu kahise kahafi Musongati FC yakiniye mu Rumonge, inkino nyinshi yarazitakaje (BS Dynamik 2-0 Musongati FC, Vital’0 FC 2-0 Musongati FC, Magara Star 3-3 Musongati FC) ukaba wahatsindiye Messager Bujumbura (1-0).

-Vital’0 FC na Flambeau Du Centre ibaye imigwi ya mbere itakarije inkino zi biri zikurikiranya ku kibuga kimwe Ingoma.

-Christian Kabera Mourihno ntarigera atsindwa nk’umumenyereza narimwe n’umugwi wa Vital’0 FC mu nkino 4 zose zabahuje muri Primus Ligue gusa, inkino 3 ari muri Flambeau De L’est, 2015 yatsinze Vital’0 FC 2-1, muri 2016 , 1-0, muri 2017 afise Delta Star yanganije nawo 1-1 ubu naho 2018 abatsinze arikumwe na Flambeau De L’est 1-0.

-Kayanza United ntiratsindirwa mu Rumonge mu nkino 4 imaze kuja muriyo ntara (Magara Star 1-1, Les Crocos FC 0-1, Rumonge City 0-1 hamwe na LLB 0-0).

-LLB nu nkino 2 umaze gukina waranganije 0-0.

-Ibitsindo bi biri bi biri vyinjijwe na Ndayegamiye Ami Twite na Akimana Bienvenue ba Aigle Noir na Alhamdu Umati wa Flambeau Du Centre bibaye ibitsindo bi biri bi biri 6 (Double 6) zimaze ku boneka muri Primus Ligue.

-Urukino rwa Aigle Noir na Flambeau Du Centre nirwo rukino rwa mbere rwabonetsemwo ibitsindo 7.

-Pascal Ramadhan, Mpisemwoneza Ladislas na Ndayegamiye Ami Twite bafise ibitsindo bitatu bitatu mu nkino 2 za Primus Ligue zimaze gukinwa.

 

 

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: