Tanzania: Mbwana Aly Samatta aripfuzwa cane n’umugwi wo mu Bufaransa.

Mbwana Aly Samatta yoba agiye gukina muri Ligue?

Muri 2016 yaronderwa cane n’umugwi wa Olympic De Marseille, Aly Samatta izina ryiwe rirabandanya rivurwa mu gihugu c’Ubufaransa, ubuho aripfuzwa cane n’umugwi wa Bordeaux wo murico gihugu usanzwe ukina Ligue 1 nkuko RMC yabimenyesheje.

Bordeaux iripfuza uyu mu tanzaniya w’imyaka 25 akaba akinira umugwi wa Genk wo mu bubirigi kuva 2016 avuye muri TP Mazembe. 

Samatta aje kuba yiyumvirwa na Bordeaux kuva aho uyo mugwi unaniriwe kuzana Pedro yahora yipfuzwa nuyo mugwi. Umuyobozi w’ubuhinga muri Bordeaux,  Ulrich Ramé akaba yipfuza kuzana Aly Samatta muruyo mugwi wiwe.

Umwuzo wa Aly Samatta muri Bordeaux urashobora kuzokwemezwa na Thierry Henry ashobora guhabwa amabanga yo kumenyereza Bordeaux.

Samatta amaze gutsindira Genk ibitsindo 38 mu nkino 118 amaze kuwukinira kuva 2016.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: