Primus Ligue/ Messager Ngozi FC isaba FFB guhanagura penalty yahawe Les Lierres FC.

Messager Ngozi FC isaba FFB guhanagura igitsindo cinjijwe na Les Lierres FC kuri penalty bafatiye kuribi birego batanze.

Nkuko tubisanga mw’ikete Umugwi wa Messager Ngozi FC wandikiye Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, FFB, basaba ko iryo shirahamwe ryohanagura igitsindo cinjijwe kuri penalty n’umugwi wa Les Lierres FC, mu rukino rwabahuje kw’itariki 22 Myandagaro 2018, ku kibuga Urunani mu ntara ya Cibitoke, hari mundwi ya kabiri ya Primus Ligue, urukino Messager Ngozi FC yanganije 1-1 na Les Lierres FC. Iyo Penalty, Messager Ngozi FC ivuga ko Les Lierres FC yahawe yarimwo igipfungu cinshi.

Uyo mugwi usanzwe ufise igikombe ca Primus Ligue Burundi, urabandanya muriryo kete nyene umenyesha ko iyo penalty Les Lierres FC yahawe nta muco warimwo, kuko ikosha abakinyi b’inyuma ba Messager Ngozi FC bakoreye umukinyi wa Les Lierres FC, hari hanze yo muri mukore umbone (Surface de réparation), ku munota wa 91’ w’urukino.

Umugwi wa Messager Ngozi FC wagiriza abakinyi ba Les Lierres FC ko bagiye guhenda umuhagarikizi wa mbere wo kuruhande ko ikosha ryakorewe muri mukore umbone mugihe umuhagarikizi wo hagati mu kibuga, Assumani Dieudonné ntiyari kure yahabereye ikosha ndetse yaramaze gusifura coup franc aca arahindura ingingo yiwe atanga penalty.

Messager Ngozi FC yarangije muri rino kete isaba FFB guhanagura ico gitsindo cinjijwe na Les Lierres FC kuri penalty bafatiye kurivyo birego vyose batanze.

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares