Burundi/ Gael Bigirimana arahumye mu mugwi wiwe wa Motherwell.

Gael Bigirimana ariko aravyitwaramwo neza cane gose mu mugwi wiwe wa Matherwell wo mugihugu ca Ecosse.

Umukinyi w’umurundi asanzwe akina hagati mu kibuga, mu mugwi wa Motherwell wo mugihugu ca Ecosse, akaba kandi ari murutonde rw’abakinyi batumweko mu ntamba mu rugamba, Gael Bigirimana arahumye ari kumwe  n’umugwi wiwe wa Motherwell, aho kuruyu wa gatandatu, yawinjirije igitsindo ca kabiri mu rukino Motherwell yariko itana mu mitwe na Dundee FC. Urukino rukaba rwarangiye kunsinzi ya Motherwell y’ibitsindo bitatu kuri kimwe (3-1), hari mundwi igira kane mw’ihiganwa rya Ecosse – Premiership.

Bigirimana akaba arumwe mu bakinyi murikinogihe bariko bavyitwaramwo neza muriryo higanwa ahanini muri Motherwell kuko no murukino ruheruka batanye mu mitwe n’umugwi wa Rangers banganya 3-3, yatanze amapasi avamwo ibitsindo ashika kuri abiri.

Geal Bigirimana umukinyi wa kera wa Newcastle United, umugwi wiwe uri mu kibanza 9 n’amanota 4 mu nkino 4 mw’ihiganwa rya Ecosse – Premiership rigizwe n’imigwi 12.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: