Antoine Griezmann yamenyesheje ihiganwa azorangirizamwo ivyo gukina umupira wa maguru.

Antoine Griezmann yamenyesheje yuko azorangiriza ivyo gukina umupira wa maguru muri Major League Soccer

Ntibikiri ibinyegezwa, Umusatirizi wa Atletico Madrid, Antoine Griezmann yamenyesheje yuko azorangiriza ivyo gukina umupira wa maguru muri reta zunze ubumwe bw’Amerika mw’ihiganwa rya Major League Soccer.

@Footmercato

Ivyo akaba yabimenyesheje mu kiganiro yahaye ikinyamakuru L’Equipe. Uyu musatirizi w’umufaransa w’imyaka 27, yariko arishura kubibazo yariko arabazwa.

Guheraheza ivyo gukina umupira wa maguru mu mugwi wa David Beckham, Miami? Ivyo nukubanza kuraba ko yoba anyipfuza mu mugwi wiwe, mugihe boba banyipfuza nzojayo. Nshaka kurangiriza ivyo gukina umupira wa maguru mw’ihiganwa rya Amerika (Major League Soccer). Hanyuma tuzoca tubiraba  yuko ari mu mugwi wa Los Angeles canke muri Miami, kuko ivyo bisagara bibiri ni vyiza. Ndakunda uko abanyamerika bameze hamwe n’imico yabo

Mwomenyako Antoine Griezmann akenshi ingendo ziwe akunda kuzigirira muri reta nzunze ubumwe bw’Amerika.

 

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares