#Rumonge/ Mutsanteri wa Komine Bugarama, Joachim Manirakiza yatanguje icese umugambi wo kwandika mu gitabo imigambi yiyo komine.

Intumbero yivyo bikorwa ariyo kwandika imigambi ya komine Bugarama mu gitabo kizomara imyaka 5.

Kuruyu wa kane, itariki 13 Nyakanga 2018, muri zone Magara, Komine Bugarama, intara ya Rumonge, habaye ibirori vyo kwugurura icese umugambi wo kwandika mu gitabo imigambi yiyo komine. Ivyo birori bikaba vyuguruwe na mutsanteri wiyo komine nyene Joachim Manirakiza.

Mutsanteri wa Komine Bugarama avugako intumbero yivyo bikorwa ariyo kwandika imigambi ya komine Bugarama mu gitabo kizomara imyaka 5.

Intumbero yino nama yariyo gutanguza imigambi, igikorwa co kuzandika igitabo kirimwo imigambi ya komine Bugarama, nukuvuga ko arishami rigiragatatu. Ico gitabo kizoshirwamwo imigambi izomara imyaka 5 vyumvikana ko ari gushika muri 2023.

Akamaro kuyo mugambi nuko kaje gufasha cane cane abenegihugu kwiteza imbere mu migambi yabo y’iterambere.

Akamaro gakomeye nuko tuzoshikira abenegihugu aho baherereye hose, uhereye ku mitumba no k’ubucimbiri kugira bivugire ivyo bazorangurirwa nuyu mugambi, kuko sivyo bazorangurirwa nivyo bazokwikorera bonyene ariko dufashijwe n’abadufasha hamwe na reta. Akarusho gakomeye nuko bababigiriye imigambi, bagashiramwo ukuboko kwabo bica bituma bashobora kubunga bunga ivyo bababikoreye bonyene.

Joachim Manirakiza arongoye komine Bugarama iri mu ntara ya Rumonge yarangije atera akamo abenegihugu biyo komine kwitabira amanama yo guterera ivyiyumviro bizoshirwa murico gitabo ndetse nokwijukira ibikorwa vy’iterambere.

Akamo twobatera nuko bokwitabira amanama tuzotegura ku mitumba no kubucimbiri kugira ngo bashobore gushikiriza iciyumviro, nta ciyumviro na kimwe kitazokwakirwa kugira ngo twandike igitabo kizoshirwamwo imigambi abenegihugu bipfuza bonyene. Akandi kamo notera nuko kugira dushike kuriyo migambi bidusaba kwitanga cane. Turateye ivyatsi ingendo ya benegihugu bamwe bamwe bagikwega amaguru badashaka guhamvya abandi mu migambi y’iterambere, haba muguterera canke muvyo gushikiriza ivyiyumviro kubijanye n’iterambere rya komine yacu.

Twobamenyesha ko ivyo birori vyari vyitabiriwe n’abaserukira abandi, Abarongoye ubuzi, Abatowe ku mitumba itandukanye, Abaserukira amadini hamwe n’abaserukiye inzego zose zigize iyo komine.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.