Primus Ligue Burundi/ Uku niko imigwi yagiye iratsindana mundwi 7.

Musongati FC yanganije, Aigle Noir iratsinda, Vital'0 FC na Messager Ngozi FC irabandanya icumbagira.

Ihiganwa rya Primus Ligue Burundi ryarabandanije mu mpera zino ndwi naryo rikaba ryarinjiye mundwi yaryo y’indwi, Musongati FC yarimaze inkino 6 idatswa canke inganye noneho yahavuye ihagarikwa na Les Lierres FC banganije 1-1, Aigle Noir C.S yahambije Musongati FC mu manota inyuma yo gutsinda Rukinzo 3-1, Vital’0 Fc na Messager Ngozi nayo irabandanya icumbagira mukugenda inganya.

Muri rusangi uku niko imigwi yagiye iratsindana:

Atletico Olympic 1-1 Flambeau du Cente

LLB S4a 2-2 Messager Buja

Bumamuru FC 1-0 Flambeau De L’est

Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir C.S.

Vital’o FC 0-0 Bujumbura City

Musongati FC 1-1 Les Lierres FC

Olympic Star 1-2 Ngozi City

Messager Ngozi 0-0 Kayanza United

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: