#InterStar yitwariye Les Lierres FC, uwagiriza gukinisha Moussa Mossi Hadji biteye ku biri n’amategeko.

Inter Star isaba Les Lierres kubungukira uwundi muriyoni w'amafaranga kuko wakinishije umukinyi Moussa Mossi Hadji bavuga ko ari uwabo.

Mu rukino umugwi wa Les Lierres FC wari wagendeye Musongati FC mu ndwi y’indwi ya Primus Ligue baranganya 1-1, uyo mugwi warakinishije umukinyi Moussa Mossi Hadji bidaciye mu mategeko nkuko Inter Star ibivuga.

Inter Star ikaba imaze gushingisha urubanza w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, basaba guhabwa umukinyi wabo kuko ivya ngombwa vyose vyerekana ko Hadji ari umukinyi wabo barabifise, ndetse bakaba bamaze kubishikana muri FFB. Canke bitabaye uko, Les Lierres FC ibasubize amafaranga ariko ibanje kubungukira umuriyoni wa mafaranga ya marundi nkuko biri mu masezerano bagiranye nuyo mukinyi mugihe bari bumvikanye guha Hadji imiriyoni zi tatu ariko bamuha imiriyoni imwe.

Kuruhande rwa Les Lierres FC bavugako ata tegeko narimwe barenzeko mugukinisha Hadji, ahubwo bakinishije uyo mukinyi biciye mu mategeko ya FFB kuko barahawe urupapuro rw’umugwi wiwe wa mureze Bayern Elite ico twita (Transfert) ndetse baramugirisha ibipimo vyasabwa na FFB maze nayo ibaha ikarata ndanga mukinyi (Biometrique) gutyo ntacabuza ko bamukinisha nkuko Umuyobozi w’ubuhinga muri Les Lierres FC Mathieu Mushindo yavyiganiye MagaraTimes. Muri Les Lierres FC kandi ntibahakana ko Hadji yariye amafaranga ya Inter Star ariko ngo ata muco vyari birimwo. Bamenyesha ko ata ngorane n’imwe bafise  Mugihe Inter Star yosaba gusubizwa amafaranga  ariko atarenga umuriyoni Inter Star yahaye Hadji.

Kuruhande rw’umukinyi Moussa Mossa Hadji yahora akini LLBS4A mu mwaka uheze  yiganiye MagaraTimes avugako yari yaremeye gukinira umugwi wa Inter Star ku miriyoni 3 mu kiringo c’umwaka umwe w’inkino ariko bamuhaye umuriyoni umwe gusa ayandi asigaye barateba kuyamuha maze nawe yifatira ingino yo kuja muri Les Lierres FC, nayo imwemerera ku murihira umuriyoni umwe yariye wa Inter Star.

Tugerageje kubaza muri FFB ko urwo rubanza boba baruzi batwishuye ko baruzi neza cane kandi mu minsi y’imbere bagiye gukemura ico kibazo kiri hagati ya Inter Star, Les Lierres FC hamwe na n’umukinyi Moussa Mossi Hadji.  N’inkuru tuzogarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: