Mukeke FC, AC Umutima, AC St Basile, Espoir FC na Royal FC niyo yaronse uburengazira bwokuja mugice ca 4 mukurondera ikibanza ca Ligue B.

Inkino zo mucicaro ca 3 zarabandanije mu mpera zino mu ntumbero yo kurondera itike ya Ligue B.

Ihiganwa ryo mucicaro ca gatatu ku rwego rw’igihugu ritanga uburenganzira ku migwi 2 izoba iyambere guca iduga mu cicaro ya kabiri Ligue B ryarabanda mu mpera zino ndwi, imigwi 5 niyo yaronse uburenganzira bwo kuja mugice ca 4 gishira icanyuma nayo ni: Mukeke FC (Rumonge), AC Umutima (Bubanza), AC St Basile (Bujumbura), Espoir FC (Bujumbura rural) na Royal FC (Muramvya).

Iyo migwi ikaba yaronse uburenganzira bwo kuja murico gice ibanje gukina niyindi, uku niko yagiye iratsindana:

Royal FC 3-2 Holly Team.

Top Junior 1-3 Espoir

Mukeke FC 0-0 Butare City (penaly 4-2)

Academie St Basile 3-0 Tamura FC

Academie Umutima 2-1 Les envoyés FC

Mwomenyako hazotorwa imigwi 3 yatsinzwe bike gutyo ironke uburengazira bwo guhamvya iyo migwi 5 kugira ikwire imigwi 8 iheze ibone kuja mu gice ca 4 gishira icanyuyma.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares