Iyi niyo mpamvu yatumye Saido Ntibazonkiza aboneka i Bujumbura.
Saido Ntibazonkiza ari mu gisagara ca Bujulmbura kubonana n'inzego zirongoye ishirahamwe ry'umupira wamaguru mu Burundi.
Uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba, Saido Ntibazonkiza kuva kuruyu w’imana, ari mugisagara ca Bujumbura mugihe yaramaze hafi imyaka ishika kuri 3 adahamagarwa mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba.
Bamwe n’abandi baribaza impamvu uyo mukinyi arino mugihe atagihamagarwa mu mugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba. Bamwe bavugako yoba yaje kuraba umuryango wiwe, abandi ngo yoba aje kwifatanya n’abandi ba kinyi mu gutegura urukino rwa Mali.
Ariko amakuru yokwizera MagaraTimes yarondeye, ikesha abegereye ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB bavugako Saido arino kugira ngo abonane n’inzego zirongoye FFB.
Ayo makuru nyene arabandanya amenyesha ko hategekanijwe kuruyu wa mbere umubonana hagati yiwe n’inzego zirongoye FFB, kugira ngo asigurirwe neza ikosa yakoze.
Mwokwibukako Saido Ntibazonkiza yahagaritswe gutumwako mu ntamba mu rugamba kuva 2015 n’abarongoye Ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi, biturutse mukwitwara ukutariko mu mugwi, vyashobora kandi gukwegera ingorane zikomeye cane Intamba mu rugamba hamwe n’igihugu muri rusangi nkuko babimenyesheje muri FFB.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.