Uku niko Vivier Bahati yishuye Messager Ngozi FC igihe yariko iramurondera.

Vivier Bahati ngo nimba vyukuri Messager Ngozi FC imwipfuza izomurindire gushika mu mwaka uza.

Umumenyereza w’umugwi wa Les Lierres FC Vivier Bahati aremeza ko umugwi wa Messager Ngozi FC waramurondeye kugira ngo aze abafashe kuva mu bihe bibi uyo mugwi urimwo muri Primus Ligue Burundi ariko abishura yuko agifise amasezerano na Les Lierres FC, nimba bamwipfuza vyukuri bamurindire gushika mu mwaka uza.

Ifoto ya Mishe Mishe.

«Nivyo barandondeye, (Messager Ngozi FC) ariko simbonako uyu munsi nojayo kuko ndafise amasezerano n’uyundi mugwi. Barindire nimba nzoronka amahirwe yo kujayo ihiganwa rirangiye nzojayo, ariko kuruno munsi mfitaniye amasezerano na Les Lierres FC kandi sinshobora kuwuvamwo ubu nsige nawononye ngo nje ahandi.» Ivyo n’ivyashikirijwe nuyo mumenyereza wakera wa Musongati FC, Vivier Bahati inyuma yo kunganya 0-0 na Flambeau Du Centre kuruyu w’imana.

Ivyo biruko muri Messager Ngozi FC mugihe hari hamaze iminsi hariho urukurukuru ko Jean Jacques Eydelie umumenyereza wuyo mugwi ashobora kuzokwirukanwa.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.