#BreakingNews/ Messager Ngozi FC yirukanye Jean Jacques Eydelie, isinyisha Jimmy Ndayizeye.

Jean Jacques Eydelie yerekwa umuryango wo gusohoka muri Messager Ngozi FC Jimmy Ndayizeye yinjira.

Umugwi wa Messager Ngozi FC uhejeje gutandukana n’umumenyereza yabaye igikombe ca Prim.us Ligue Burundi, umufaransa Jean Jacques Eydelie kuruyu wa kabiri, itariki 02,Gitugutu, 2018 nkuko tubisanga kurubuga ngurukana bumenyi bwa Academie Le Messager FC.

Ifoto ya Academie Le Messager FC

Uko gutandukanya kwa Messager Ngozi na Eydelie biturutse ku mwimbu muke yahaye uyo mugwi, mu nkino 9 za Primus Ligue yawumenyereje yaronse intsinzi 2, anganya 2, atsindwa 5.

Jimmy Ndayizeye batazira (Giti) yahora amenyereza umugwi wa Bugesera FC niwe yaciye asubirira Eydelie, akaba yahawe amasezerano kumenyereza Messager Ngozi FC ikiringo c’imyaka 2.

Jimmy Ndayizeye n’umumenyereza amenyereye amahiganwa atandukanye haba hano iwacu eka mbere no mukarere nko mu Rwanda aho amaze kumenyereza imigwi itari mike nka: Muzinga FC, Academy Tchite, Espoir FC na Bugesera FC yo mugihugu kibanyi c’Urwanda.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: