Aba Polisi Babiri Hamwe n’Umunyagihugu Umwe Nibo Bakomerekejwe na Grenade Yatewe mw’Ijoro Ryo Kuri Uyu Wa Gatatu.

Ayo makuru nyene avuga ko ata kigwanisho na kimwe catowe kiretse abo basanze batagira udutabo tw’ingo bakaba bashikirijwe umukuru wa zone kugira ngo babatohozeko bongere babatoze amande.

Aba polisi babiri hamwe n’umunyagihugu umwe nibo bakomerekejwe na grenade yatewe mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu n’umugizi w’inabi ku musaga aho bita kuri OCTRACO igihe c’isaha zibiri z’ijoro n’iminota mirongo ine nitano.

Mu gitondo co kuri uyu wa kane haciye hazinduka isakwa muri iyo zone ya musaga biturutse kuriyo grenade yatewe nkuko bimenyeshwa n’igipolisi.

Ayo makuru nyene avuga ko ata kigwanisho na kimwe catowe kiretse abo basanze batagira udutabo tw’ingo bakaba bashikirijwe umukuru wa zone kugira ngo babatohozeko bongere babatoze amande.

Muri zone bwiza naho hakaba haraye humvikana urwamo  rw’amasasu akaba ngo ari igipolisi cariko gifata umusuma kivuga ko ari karuhariwe yaheruka no kuva mu mpimba yari yivye ibintu bitari bike harimwo i machine nyabwonko, amahera impeta, nibindi. Uyo musuma akaba yakomerekejwe k’ukuguru n’amasasu y’igipolisi.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: