#Burundi/ Intamba mu rugamba urutonde rw’abakinyi 18 rugiye gutana mumitwe na Mali rwashizwe ahabonwa.

Muri runo rutonde ntampinduka nyinshi zahabaye ufatiye kurutonde rwatanye mu mitwe n'igihugu ca Gabon, kiretse umukinyi umwe gusa Ntibahezwa Dieudonné umunyegori asamira umugwi wa (Zesco United/Zambie) ariwe yasubiriwe na Ndikumana Justin asamira umugwi wa (FC ST Loi Lupopo/RDC).

Umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yasohoye urutonde rw’abakinyi 18 bazotana mu mitwe n’igihugu ca Mali muri Bamako mu ndwi ya gatatu yo kurondera itike yokuja mu gikombe ca Afrika CAN 2019 kizobera mu gihugu ca Cameroun.

Ifoto ya FFB.

Muri runo rutonde ntampinduka nyinshi zahabaye ufatiye kurutonde rwatanye mu mitwe n’igihugu ca Gabon, kiretse umukinyi umwe gusa Ntibahezwa Dieudonné umunyegori asamira umugwi wa (Zesco United/Zambie) ariwe yasubiriwe na Ndikumana Justin asamira umugwi wa (FC ST Loi Lupopo/RDC).

Abo bakinyi 18 naba bakurikira:

1.Jonathan NAHIMANA
2.Justin NDIKUMANA
3.Abdoul Karim NIZIGIYIMANA
4.Christophe NDUWARUGIRA
5.Rachid Léon HARERIMANA
6.Fréderic NSABIYUMVA
7.Omar NGANDO
8.Omar MOUSSA
9.David NSHIMIRIMANA
10.Shassir NAHIMANA
11.Gaël BIGIRIMANA
12.Gaël DUHAYINDAVYI
13.Cédric AMISSI
14.Hussein SHABANI
15.Francis MUSTAFA
16.Bienvenu SHAKA
17.Fiston ABDOUL
18.Saïdo BERAHINO

Intamba mu rugamba bikaba vyitezwe ko bafata indege kuruyu wa mbere, mugihe urukino rutegekanijwe, itariki 12 Gitugutu 2018, rukazobera mu gihugu ca Mali.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.