Urwego rw’Igihugu Rujejwe Gucungera No Kugenzura Ibimenyesha Makuru CNC Rwakoranye Mu Nama y’Imisi Ibiri.

Nestor bankumukunzi akaba asaba abamenyesha makuru hamwe n’abarongoye ibimenyesha makuru n’amaradio kumenya ivyobajejwe no kugendera akaranga mutima kabagenga.

Urwego rw’igihugu rujejwe gucungera no kugenzura ibimenyesha makuru CNC rwakoranye mu nama y’imisi ibiri guhera kuri uyu wa kane. Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyo nama Nestor BANKUMUKUNZI arongoye urwo rwego yavuzeko ko iyo nama ibaye mu gihe kidasanzwe kuko ibimenyeshamakuru biriko biritegurira gukurikirana amatora yimirije.

Nestor BANKUMUKUNZI aka yashikirije kandi yuko iyo nama ibaye mu gihe haherutse gutorwa  amategeko mashasha  agenga ibimenyesha makuru n’amaradio.

Nestor bankumukunzi akaba asaba abamenyesha makuru hamwe  n’abarongoye ibimenyesha makuru n’amaradio kumenya ivyobajejwe no kugendera akaranga mutima kabagenga.

Nestor BANKUMUKUNZI akaba yashikirije kandi ko bimwe mu bigiye kwihwezwa muri iyo nama harimwo ibizotuma hatezwa imbere umwuga w’abamenyesha makuru nikigo CNC.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.