Ngo Ingingo Ruhashwa Zigiye Gufatirwa Abanyagisagara Bata Imicafu Mw’Ibarabara.

Fulgence SINDAYIHEBURA ahimiriza abantu bagendera muri zone rohero ko bomenya yuko ubu kibujijwe yuko umuntu anywereye amazi mw’i sachet ata ako ga sachet mw’ibarabara canke, yanywereye muga kinju aca agata mw’ibarabara, yuko uwuzobikora azohanwa.

Ingingo ruhashwa ngo zigiye gufatirwa abanyagisagara bata imicafu ahari ho hose. Ivyo bigashikirirzizwa n’umukuru wa zone rohero mu gihe mu bibanza bitandukanye muri iyo zone hibonekeza ubucafu butari buke butabwa mu ma barabara. Fulgence SINDAYIHEBURA atera  akamo abanyagisagara guta ubucafu aho bwagenewe mu ntumbero yo kugirira isuku igisagara ca Bujumbura.

Fulgence SINDAYIHEBURA  amenyesha yuko  ico bagiye gukora kugira ingorane yo guta imicafu mu  ma barabara canke ama sachets iranduranwe imizi cane cane muri zone arongoye, ari uguhimiriza abantu bagendera muri zone rohero ko bomenya yuko ubu kibujijwe  yuko umuntu anywereye amazi mw’i sachet ata ako ga sachet mw’ibarabara canke, yanywereye muga kinju aca agata mw’ibarabara. Yuko uwuzobikora azohanwa.

Akomo Fulgence SINDAYIHEBURA atera abantu bata ibintu bakoresheje mw’ibarabara nuko boheba iyo ngeso. Ngo uwuzoba yanyoye amazi canke afunguye ikintu, ico azoba akuyemwo agishire mw’isakoshi canke mw’i sachet hama agite muhira canke agite mu ma poubelles publiques kuko ariho.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: