#PrimusLigue #Burundi: FFB yakira gute ikibazo c’uburozi bukorwa n’imigwi hamwe n’abakinyi?

Mugihe hamaze iminsi hibonekeza ibintu vy'ibintazi canke Uburozi mu nkino zitandukanye za Primus Ligue Burundi.

Mugihe hamaze iminsi hibonekeza ibintu vy’ibintazi canke Uburozi mu nkino zitandukanye za Primus Ligue Burundi, bukorwa n’imigwi canke abakinyi, akarorero kahafi urukino rwahujije umugwi wa Lydia Ludic Burundi Sport 4 Africa na Vital’0 FC mu ndwi 10 yiryo higanwa hari  kururu wamungu ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kuburyo abakinyi biyo migwi yompi batevye gutanguza urukino nk’umunota umwe. Abakinyi ba Lydia Ludic baja mwizamu baduza amaboko.

Ifoto ya Mishe Mishe.com

Abakinyi ba Vital’0 FC nabo baja aho baterera umupira uva kumfuruka kuri (Corner) bunamika imitwe mugihe umuhagarikizi yari yabahamagaye kuza gutanguza urukino.

Ifoto ya Mishe Mishe.com

Abandi baja gusuka no gusiga  mwizamu ibintu vyari mugikopo c’amazi ya Kinju ndetse basuka n’ibintu bimeze nk’ifu mwizamu ryabo.

Dufatiye kurivyo vyose ndetse tutibagiye nurundi rukino rwahujije Musongati FC na Aigle Noir rwabereye hariya i Gitega ku kibuga Ingoma narwonyene rwaranzwemwo ivyo vy’uburozi. Twashatse kumenye ico mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi babivugako kubwa Yussuf Mossi ajejwe igisata co gutunganya inkino muri FFB yatumenyesheje ko bavyakira nk’ibintu bisanzwe ariko FFB ntabwo ibishigikiye.

Twebwe tuvyakira nkibisanzwe kuko n’ibintu bisanzwe biriho mu mupira, mugabo sukuvuga ko FFB ibishigikiye kuko yarategekanije amategeko mu ngingo yayo ahana ivyo bintu. Twebwe tuvuga tuti n’ikosa abantu bakunda gukora kandi ntakibuza ko iyo tubonye amakosa nkayo akozwe, twebwe duca dufata ingingo zose zikenewe. Iryo kosa turifata cokimwe n’umukinyi yakubise uwundi, twebwe rero turindiriye ivyegeranyo bivuye kubahagarikizi hama bidushikiriye twebwe duca dufata ingingo zikenewe kugira ngo ibi bintu tubihashe, Kuko ivyo vyarashitse mu myaka yaheze izo ngingo twarazifashe kandi vyari vyaragabanutse. Bisubiriye kuduga kubera ko ihiganwa ritanguye kuryoha imigwi yose ishaka kuja mu bibanza vyiza ariko nuko bashaka kubicisha mu nzira zitarizo.

Igihe icaha cagiriye umukinyi canke umugwi ukoresha amarozi muri  FFB bamenyesha iryo kosa barihanisha ihadabu ryo guhagarika umukinyi canke umugwi ukariha amafaranga angana n’ibihumbi amajana atanu vya marundi.

Igihe icaha cagiriye umukinyi birashobora gutuma tduhagarika umukinyi twabibonyeko mugihe ari umugwi wose turawuca ihadabu rishobora gushika ku bihumbi amajana atanu.

Youssuf Mossi ajejwe igisata co gutunganya inkino muri FFB, yahanuye  abarongozi b’imigwi guha abakinyi babo amafaranga hako bayatwara murivyo vy’uburozi ndetse afatira akarorero ku gihugu ca Tanzanie gushika nubu itaraja muri CAN canke kigatwara igikombe c’isi yose.

Bose barabizi twama tubabwira nimba ivyo bikora, igihugu ca Tanzaniya kiba caramaze gutwara igikombe c’isi, tubona ko atanahamwe barashika  ndetse no mu nkino za afrika ntibarajayo. Twebwe rero ico twohanura nuko ivyo bintu ata nakimwe vyo bamarira ahubwo bayahe abakinyi nabo baheze babatsindire urukino.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: