#SouthSudan: DENG ALOR Yasubiye i Juba Guhura na KIIR

Deng Alor, umwe mubayobozi bakuru b’umuhari utavuga rumwe na Leta ya Sudani yo mu Bumanuko witwa SPLM, yashitse i Juba kur’uyu muhingamo mu rugendo rutegekanijwe kumuhuza na Perezida Kiir hamwe n’abandi bayobozi bo mur’iyo Leta ya Sudani Yepfo.

Uwo mugwi SPLM umuhuriyemwo abatavuga rumwe na Leta ya Sudani Yepfo bari mu buhungiro baheruka kwemeza ugushaka kwabo kwo gushira mu ngiro biganiro vy’amahoro vyabo na Leta ya Kiir.

Igihe yashika ku kibuga c’indege i Juba, ari mu kuvugana n’abamenyeshamakuru, Alor yamenyeshejo yuko agarutse i Juba mu mwiteguro yo gutangura gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro mu gihugu.

« Naje kugira nitabe inama yo gutegura komite y’igihe c’infatakibanza. Ndi umwe mubagize iyo Komine, ubwo rero tuzovugana ivyerekeye n’integuro yo gushira mu ngiro Amazerano y’Amahora, » niko yavuze Deng Alor.

Uyo muhobozi atavuga rumwe na Leta ya Kiir yavuze kandi ko abayobozi ba Leta ya Sudani Yepfo biteguriye gushira akahise inyuma kandi ko bamaze guhitamwo gushira imbere umugambi w’amahoro.

Deng yamenyesheje kandi ko umuyobozi wiwe mukuru, Pagan Amum, yamaze guhitamwo kuja mu mugambi w’Amahoro w’ayo Masezerano bagiye gushira mu ngiro.

« Twarahuriye i Nairobi, muri Kenya, nkabari muri SPLM-FDs. Twarashize igikumu ku Masezerano y’Amahoro kandi Pagan yarikumwe natwe, » nikwo Alor yamenyesheje.

« Abanyagihugu bose barakeneye amahoro, niyo mpamvu imigambwe yose ushizemwo na SPLM-FDs yemeje ayo amasezerano y’amahoro, » niko Alor yabandanije avuga.

Uwo muyobozi wa SPLM-FDs yari yitezwe guhura na Perezida Kiir. Mwomenya yuko Uru arirwo rugendo rwiwe rwambere i Juba kuva aho Deng Alor aviriye mu gihugu ciwe ca Sudani Yepfo mu ntango nzuyo mwaka ahunze.

 

(Inkuru n’amasanamu n’ivya: Radio Tamazuj. Juba, 10/10/2018.)

Juba News Bureau

Magara Times News' Juba Bureau ni igisata kijejwe gutororokanya no kumenyesha amakuru ajanye n'ivyo mu gihugu ca Sudani Yepfo. Ico gisata kandi kijejwe abaduha amakuru n'abo dukorana mu kumenyesha amakuru bari canke bakorera mu gihugu ca Sudani Yepfo. Mu Kirundi, kwirikirana amakuru yacu hano: https://www.magaratimes.com/category/eastafrica/southsudan/

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: