12 Gitugutu, Umusi Mpuzamakungu Wahariwe Kubona Neza.

Muganga Levy KANDEKE avuga kandi yuko hariho n’izindi ndwara rero zigoye bita GLAUCOME.Yoyo ngo iranagoye, ngo no mu bihugu bifise uburyo, iyo ndwara iragoye kuvura kuko ni indwara itagira ibimenyetso na bimwe. Umuntu ahuma atamenya ko ariko arahuma.

Abarundi ibihumbi 35 nibo barwaye indwara y’uruhumyi nayo ibihumbi 113 bakaba batabona neza. Ivyo bikaba bivugwa na muganga Levy KANDEKE yanonosoye ivyo kuvura indwara z’amaso, hakaba hari kuri uyu wa 4 mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufadikanijwe n’ishirahamwe ryitaho indwara z’amaso.

Levy KANDEKE amenyesha yuko mu gihugu c’uburundi habaye ubushakashatsi mu mwaka wa 2010 bwerekanye yuko abantu bahumye rwose bari mu gihugu ari ibice 3%, ni abantu ibihumbi 35 bafatwa yuko bahumye. Ngo hariho abo bita yuko batabona neza ni ukuvuga ko badashobora gusoma, ko badashobora gukora udukorwa twa misi yose bangana ibihumbi 113.

Kubwa Levy KANDEKE ngo ahanini indwara zituma umuntu arwara iyo ndwara y’ubuhumyi nayo ikaba iri imbere mu Burundi  itwara ibice 60% ni indwara yitwa CATARACTE. Inyuma haraza n’izindi ndwara nyinshi zitewe na Diabète iyo bita GLAUCOME n’izindi nyinshi.

Ngo muri izo ndwara izo dushobora kwirinda cane cane ni zirya zandukirwa nkiyo bita TRACHOME, iyo umuntu arashobora kuyirinda nko umuntu yoga mu maso kenshi kabiri canke gatatu iyo ndwara ntiheza ngo imufate.

Izindi ni indwara iyo umuntu ataba afise ivyunyunyu bita vitamine A bikwiye mu mubiri. Muri ico gihe bisaba yuko umuntu afungura indya zirimwo vitamine A.

Muganga Levy KANDEKE avuga kandi yuko hariho n’izindi ndwara rero zigoye bita GLAUCOME.Yoyo ngo iranagoye, ngo no mu bihugu bifise uburyo, iyo ndwara iragoye kuvura kuko ni indwara itagira ibimenyetso na bimwe. Umuntu ahuma atamenya ko ariko arahuma. Ngo iyo umuntu asanzwe ayigwaye arashobora kuvurwa igaca ihagarara mugabo kuyisubiza inyuma nivyo bigoye. Nico gituma biba bikenewe ko iyo ndwara umuntu ayitora hakiri kare bisabwa yuko umuntu wese arwaye indwara ya Diabete yipimisha rimwe ku mwaka kugira ngo arabe ko iyo ndwara  ataco iriko ironona mu maso.

Tubamenyeshe yuko  ku wa 12 gitugutu ari umusi mpuzamakungu wahariwe kubona neza.

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.