#Tanzania: Umugwizatunga Mohammed Dewji Yanyurujwe i Dar Es Salaam uno Musi mu Gitondo

Mohammed Dewji afise imyaka 43 amaze kuva avutse. Arubatse kandi afise abana bakiri bato. Atwara ishirahamwe ry'ubudandaji MeTL rifise imitahe mu bice bitandukanye nk'uburimyi, gukora impuzu, icukura ry'ubutaka n'ibindi vyinshi cane mu bihugu birenga 10 vyo muri Afurika.

Umugwizatunga Mohammed Gulamabbas Dewji, natazira MO kandi azwi cane nka Mo Dewji, yanyurujwe n’abantu bataramenyekana mu gitondo c’uno musi mu gisagara ca Dar Es Salaam mu gihe yariko aritegura kwinjira munzu yo kwinonoreramwo imitsi.

Umushoferi wa Uber yari hafi yaho MO yanyururijwe yavuze yuko uyo mugwizatunga Dewji yanyurujwe n’abantu bane bari bitwaje inkoho, aho babanje kurasa mu kirere imbere yo kumufata MO aho yari yururutse imodoka yiwe agira yinjiye mu Ikibanza co kwinonoreramwo imitsi kiri muri hotel nziza cane iherereye mukarere ka Oysterbay mu gisagara ca Dar es Salaam nk’uko asanzwe abigira buri musi mu gitondo kugira yinonore imitsi.

Uwurongoye igipolisi mu ntara ya Dar Es Salaam, RC Paul Makonda, yamenyesheje yuko igiporisi kiri magabo mu bite vyose vyigihugu ku mbebe cokimwe no kubibuga vy’indege kugira abo bamunyuruje ntibaronke aho baca ngo basohoke igihugu na rirya hariho inkuru zemeza yuko babiri murabo bane bamunyuruje bari abazungu.

Gushika aya masaha ntawuramenya igituma n’impavu abo bantu boba banyuruje uwo mugwizatunga MO bivugwa ko ariwe mugwizatunga wambere mu Karere ko m’Ubeseruko kandi ari nawe muguzatunga afise imyaka bike cane kurusha bose ku mugabane wa Afurika.

Mohammed Dewji afise imyaka 43 amaze kuva avutse. Arubatse kandi afise abana bakiri bato. Atwara ishirahamwe ry’ubudandaji MeTL rifise imitahe mu bice bitandukanye nk’uburimyi, gukora impuzu, icukura ry’ubutaka n’ibindi vyinshi cane mu bihugu birenga 10 vyo muri Afurika.

Nuke tubikesha ikinyamakuru c’ubudandaji ca Forbes, bivugwa ko ubutunzi bw’umugwizatunga Mohammed Dewji bungana n’amiriyari imwe n’igice (USD $1.5 bn) mu mahera y’amadolari y’amanyamerika.

Mu buzima bwiwe bwa politike, mwomtenya ko Mohammed Dewji yigeze kuba Umushingamateka yaserukira igisara ca Singida ariho asanzwe avuka. Akaba yaraserukiye ico gisagara ca Singida kiri hagati mu gihugu ca Tanzania mw’Inama Shingamateka ya Tanzania mu kiringo c’imyaka 10 kuva muri 2005 gushika 2015 ari ku rotonde rw’abashingamateka bo mu mugambwe uri ku butegetsi CCM « Chama Cha Mapinduzi » muri Tanzania.

Dar News Bureau

Magara Times News' Dar Es Salaam Bureau ni igisata kijejwe gutororokanya no kumenyesha amakuru ajanye n'ivyo mu gihugu ca Tanzania. Ico gisata kandi kijejwe abaduha amakuru n'abo dukorana mu kumenyesha amakuru bari canke bakorera mu gihugu ca Tanzania. Mu Kirundi, kwirikirana amakuru yacu hano: https://www.magaratimes.com/category/eastafrica/tanzania/

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: