Massoud Djuma yahora mu mugwi wa Simba SC ari munzira igana kumenyereza Inter Star.

Nivyo turiko turavugana nawe, hariho ibintu ariko aradusaba natwe turiko turaraba ko twobishobora bikunze arashobora kuza  ku menyereza umugwi wacu.

Ifoto ya RuhagoYacu

Umugwi wa Inter Star uzokina icicaro ca 2 Ligue B uno mwaka, uri mubiganiro  n’umumenyereza aherutse gutandukanya n’umugwi wiwe  wa Simba SC wo mugihugu ca Tanzaniya, Irambona Massoud Djuma yahora akora muruyo mugwi nk’icegera c’umumenyereza, nkuko twabimenyeshejwe  na Yassin Taraq ajweje igisata co kugura no kugirisha abakinyi muri Inter Star.

Tumubaza kurico kibazo  ko boba bari mu biganiro na Massoud Djuma yagize ati: Nivyo turiko turavugana nawe, hariho ibintu ariko aradusaba natwe turiko turaraba ko twobishobora bikunze arashobora kuza  kumenyereza umugwi wacu.

Tugerageje gushaka kumenye ico Massoud Djuma yoba ariko arasaba Inter Star kugira ngo ayizemwo Yassin Taraq ntiyashimye kutumbwira ivyarivyo.

Irambona Massoud Djuma yaramenyereje uyo mugwi gatoyi igihe atari bwaje ku menyereza umugwi wa  Rayon Sports wo mugihugu c’Urwanda.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.