Amakosa yakozwe na LLB niyo yatumye Musangati FC ibatsinda.

«Ndashobora kuvugako uno munsi abakinyi banje bari bahagaze neza cane gusumba LLB. Amakosa bakoze niyo twakoresheje mu kuronka itsinzi mugice ca mbere, urabona ko mugice ca kabiri baciye bikosora niyompavu tutasubiriye kuronka ikindi  gitsindo.»

 

 

 

 

Mu ndwi ya 11 Y’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi umugwi wa Musongati FC warashoboye gutsinda umugwi wa Lydia Ludic Burundi Sport 4 Africa ibitsindo 3-0, mu rukino rwabereye ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore kuruyu wa gatandatu. Ivyo bitsindo vyose Musongati FC yabironse mugice ca mbere c’urukino.

Kubwa Nahimana Hussein Welo amenyereza Musongati FC avugako ico barushije Lydia Ludic aruko  abakinyi biwe bakoreye kumakosa LLB yakoze mugice ca mbere gutyo bakoresha ayo makosa nyene mukubaca muryahumye.

 

«Ndashobora kuvugako uno munsi abakinyi banje bari bahagaze neza cane gusumba LLB. Amakosa bakoze niyo twakoresheje mu kuronka itsinzi mugice ca mbere, urabona ko mugice ca kabiri baciye bikosora niyompavu tutasubiriye kuronka ikindi  gitsindo.»

Uyo mumenyereza  wa kera wa Olympic Star amenyesha kandi ko umugwi wiwe ukiriko urahiganirwa igikombe nkiyindi migwi.

«Nivyo mu mupira imigwi yose iri muri rino higanwa rya Primus Ligue irashaka igikombe kuko uno munsi turacari mu ndwi ya 12, mugihe hoza umuntu akubwira ko amaze gutahuka igikombe yoba ariko arakubesha natwe rero turacariko turahiganwa nka bandi.»

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: