Ibitsindo 3 Rukinzo FC yatsinze Messager Ngozi FC ngo n’agashimwe babahaye!

 Ikintu twarushijwe, urabona yuko habaye uguhagara naba inyuma, igitsindo ca mbere n’ica kabiri urabona ko vyavuye mu guhagara nabi kwabakinyi banje eka nivyo bitsindo n’agashimwe twabahaye.»

Umugwi w’igiporisi c’Uburundi Rukinzo FC waratsinze umugwi wa Messager Ngozi FC ibitsindo 3-0 mu rukino rw’indwi ya 11 ya Primus Ligue Burundi kuruyu wa gatandatu ku kibuga citiriwe Umugwanwa Rudoviko Rwagasore.

Kubwa Jimmy Ndayizeye batazira «Giti» amenyereza Messager Ngozi FC avugako abakinyi biwe binyuma bari bahagaze nabi cane ndetse ivyo bitsindo n’agashimwe bahaye Rukinzo FC.

Ifoto ya IGIHE.Com

« Ikintu twarushijwe, urabona yuko habaye uguhagara naba inyuma, igitsindo ca mbere n’ica kabiri urabona ko vyavuye mu guhagara nabi kwabakinyi banje eka nivyo bitsindo n’agashimwe twabahaye.»

Jimmy aremeza ko Messager Ngozi FC ata na kimwe irahinduka ariko akizera ko mu minsi iri imbere uyo mugwi agiye kuwuhindura.

« Ntacahindutse, naragerageje kuraba ama video ya Messager Ngozi inkino bakinye, nari kuri match twakinye n’umugwi w’iMuyinga narabonye amakosa atari make ahanini kubijanye n’ubuhinga, kubijanye n’inguvu warabonako hariho ibintu vyinshi vyo gukosora, ubu maze nk’indwi imwe ndiko ndakora, ndiko ndagerageza gukosora ariko si bintu vyu munsi umwe  canke ibiri ariko ndizera ko mu minsi izaza ibintu bizoshobora guhinduka maze tukavyifatamwo neza.»

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares