Ngo Ibice 90 % vy’Ibiza Bimaze Kuba Mu Gihugu c’Uburundi Ngo Biterwa Nuko Ibidukikije Bibangamirwa Hamwe n’Ihindagurika ry’Ibihe.

Tubamenyeshe yuko ibiroro vyo guhimbaza uyo musi vyungurijwe igenekerezo rya 19 bikazobera ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga kuberako uyo musi uhuriranye n’umusi wo kwibuka incungu y’uburundi Ludoviko RWAGASORE.

Ngo ibice 90 % vy’ibiza bimaze kuba mu gihugu c’uburundi ngo biterwa nuko ibidukikije bibangamirwa hamwe n’ihindagurika ry’ibihe. ivyo bivugwa n’umushikiranganji w’umutekano no gukinga ibiza mw’itangazo yasohoye kuri uyu wa gatano.

Commissaire de police chef Alain Guillaume BUNYONI akavuga ko mu ntumbero yo kugabanya ingaruka ziva muri ivyo biza bagiye kuja hamwe nabo vyega bose kugira ngo bigire hamwe ingene amategeko ajanye n’ibidukikije yokubahirizwa, ivyo akaba yabishikirije mu gihe kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 gitugutu ari  umusi mpuzamakungu wahariwe gukinga ibiza.

Alain Guillaume BUNYONI akaba yamenyesheje yuko icivugo c’uyu mwaka ari ‘’Tugabanije ingaruka zibiza zibangamira abantu nivyabo nankeka iterambere rizorama’’. Ngo guhimbaza uyu musi ni akaryo keza ko kuraba intambwe u Burundi bugezeko mu gukinga ibiza no gutabara abo vyashikiye.

Muri iryo tangazo Alain Guillaume BUNYONI  avuga ko ibiza nk’ivyo ivyo rero bifise ingaruka mbi ku buzima bwa misi yose bwa benegihugu eka no ku buzima bw’igihugu

Kubwa Alain Guillaune BUNYONI, ngo kugira rero ingaruka mbi ziturutse ku biza  zigabanuke ni ngombwa yuko ama bwirizwa agenga ibidukikije, ayagenga amazi hamwe n’ayatunganya  amashamba akurikizwa. Ayo ma bwirizwa agakurikizwa nabo bose babijejwe ari naco gituma ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga no gutabara mu gihe c’ibiza n’isibe bwisunze intumbero yatanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bugafatira no ku mugambi w’igihugu w’iterambere uhera 2018 gushika mu mwaka wi 2027 bwiyemeje guhuza abo bose vyega kugira bigire hamwe ingene amabwirizwa n’amategeko ayakomokako ajejwe gukingira  ibidukikije.

Tubamenyeshe yuko ibiroro vyo guhimbaza uyo musi vyungurijwe igenekerezo rya 19 bikazobera ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga kuberako uyo musi uhuriranye n’umusi wo kwibuka incungu y’uburundi Ludoviko RWAGASORE.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: