#PrimusLigue #Burundi: Uku Niko Imigwi Yatsindanye Mu Ndwi ya 11.

Messager Ngozi FC irabandanya ivyitwaramwo nabi aho yatsinzwe na Rukinzo FC ibitsindo 3-0, kurundi ruhande umugwi wa Vital'0 FC usanuwivyukiranije inyuma yo gutsinda LLB wasubiriye gutsinda Bumamuru FC igitsindo 1-0,

Ihiganwa rya Primus Ligue Burundi ryarabandanije mu mpera zino ndwi ku bibuga bitandukanye, Musongati FC inyuma yo gutsindwa na Aigle Noir mu ndwi ya 10 yagarutse itsinda LLB 3-0, nayo Messager Ngozi FC irabandanya ivyitwaramwo nabi aho yatsinzwe na Rukinzo FC ibitsindo 3-0, kurundi ruhande umugwi wa Vital’0 FC usanuwivyukiranije inyuma yo gutsinda LLB wasubiriye gutsinda Bumamuru FC igitsindo 1-0, mugihe Aigle Noir ibandanya ivyitwaramwo neza cane aho yashoboye gutsinda Ngozi City 2-1.

Muri rusangi uku niko inkino zose zagenze:

 

Kuruyu wa gatanu itariki 12 Gitugutu 2018 ku kibuga Prince Louis Rwagasore.

13H30: Bujumbura City 0-3 Flambeau Du Centre.

15H30: Athletico Olympic 0-1 Flambeau De L’est.

Kuruyu wa gatandatu 13 Gitugutu 2018 ku bibuga bitandukanye:

Kuri Prince Louis Rwagasore 13H30: Rukinzo FC 3-0 Messager Ngozi FC.

Kuri Prince Louis Rwagasore 15H30: Lydia Ludic 0-3 Musongati FC.

Ku kibuga Urukundo 15H00: Ngozi City 1-2 Aigle Noir.

Ku kibuga Umuco: Olympic Star 1-1 Les Lierres FC.

Ku kibuga Ivyizigiro 15H00: Vital’0 FC 1-0 Bumamuru FC.

Kuruyu w’imana itariki 14 Gitugutu 2018 ku kibuga Urukundo:

15H00 Kayanza United vs Messager Bujumbura.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares