#Burundi/ Abdoul Razaq Fiston ngo agiye kugaruka yinjiza ibitsindo.

Ico ndabemereye nuko mu rukino ruzokurikira nzoba meze neza nubwo nari nakomeretse kanatsinza nzokwinjiza igitsindo ariko vyose tuvuga Incha'Allah (Kubushake bw'Imana).

Umusatirizi w’intamba mu rugamba Abdoul Razaq Fiston asanzwe akinira umugwi wa JS Kabylie FC wo mugihugu ca Algerie, ariwe yinjirije igitsindo Uburundi mu rukino bwanganije na Mali 1-1, avugako yagarutse yinjiriza intamba mu rugamba nubwo amagara yiwe atarameze neza cane.

Ifoto ya Ejo
Uhereye iburyo, Amissi Cédrick, Berahino, Abdoul Razaq, Christophe na Fréderick inyuma yabo Omar Ngando.

Ego nagarutse tsinda nubwo amagara yanje atari yifashe neza cane, biturutse ko mu rukino rwa mbere narinakomeretse ariko baramvuye nubwo ntari bwakire neza  ariko nitanze bikwiye.

Yongeye kwemerera abakunzi b’intamba mu rugamba ko mu rukino rukurikira azoba ameze neza kanatsinda azokwinjiza ibitsindo.

Ico ndabemereye nuko mu rukino ruzokurikira nzoba meze neza nubwo nari nakomeretse kanatsinza nzokwinjiza igitsindo ariko vyose tuvuga Incha’Allah (Kubushake bw’Imana).

Mwomenyako Abdoul Razaq Fiston yaramaze inkino zishika kuri zibiri adatsindira Intamba mu rugamba mugihe mu myaka y’inyuma ariwe yatsindira cane uyo mugwi.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: