#Burundi/ Alain Olivier Niyungeko asaba abakunzi b’intamba kubandanya babashigikira.
Ndashimiye cane abakunzi b'intamba mu rugamba, nabonye ko baje kubwinshi gushigikira umugwi wabo, nibazeko bazobandanya gutyo, ntibacike intege, ntituraheza kuko turacabandanya amahiganwa.
Umumenyereza Alain Olivier Niyungeko asaba abakunzi b’umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba kubandanya babashigikira nkuko babikoze ku munsi Uburundi bwariko butana mu mitwe na Mali buranganya 1-1, ngo kuko haracariho izindi nkino Uburundi buzokina.
Ndashimiye cane abakunzi b’intamba mu rugamba, nabonye ko baje kubwinshi gushigikira umugwi wabo, nibazeko bazobandanya gutyo, ntibacike intege, ntituraheza kuko turacabandanya amahiganwa.
Intamba mu rugamba zisigaje gukina inkino zi biri zizoyihuza na Soudan y’epfo urukino ruzobera mu gisagara ca Djouba itariki 16 Munyonyo 2018 hamwe nurundi rukino ruzoyihuza na Gabon ruzobera i Burundi itariki 22 Ntwarante 2019. Uburundi bukaba bufata ikibanza ca gatatu mw’itsinda rya C n’amanota 6 n’ibitsindo 3 ni mugihe Mali ifise ikibanza ca mbere n’amanota 8 n’ibitsindo 4 igakurikirwa n’igihugu ca Gabon gifise amanota 7 n’ibitsindo 3.
0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!
Ivyiyumviro!
Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.