Inter Star yahagaritse amasezerano yarifitaniye n’umumenyereza wayo Karumba Jean Tigana!

Inter Star ihagaritse amasezerano yarifitaniye na Karumba Jean Tigana mugihe atanihiganwa riratangura.

Inyuma yo kumuhagarika ivyagateganyo, noneho Inter Star yahavuye ihagarika burundu amasezerano y’umwaka umwe  yarifitaniye n’umumenyereza wayo Jean Karumba batazira « Tigana » nkuko tubisanga mw’ikete uyo mugwi washize ahabona kuruyu wa gatanu itariki 19 Gitugutu 2018.

Uyo mugwi uzokina icicaro ca kabiri muruno mwaka ntavyishi washatse gusigura muriryo kete bandikiye Tigana bavugako bahagaritse amasezerano nawe biturutse ku mpamvu zabo bwite.

Nta mezi 4 ararangira uyo mumenyereza wakera wa Olympic Star ahawe amabanga yo kumenyereza uyo mugwi  kuko yasinye amasezerano na Inter Star igenekerezo rya 26 Ruheshi 2018, asezerewe atanihiganwa ryo mucicaro ca kabiri (Ligue B) riratangura.

Nubwo Inter Star yamenyesheje ko yahagaritse amasezerano nuyo mumenyereza kumvo zabo bwite, ariko ntakibazo umuntu yoreka kwibaza mugihe hari hamaze iminsi abakunzi buyo mugwi bidogera Tigana bavugako umukenyuro akinisha batawerekwa.

Karumba Jean « Tigana » mu mezi hafi ane amaze amenyereza umugwi wa Inter Star yakinye inkino 3 zakivandimwe zi biri yazikinye n’imigwi yo mucicaro ca mbere rumwe arukinaa n’umugwi wo mucicaro ca kabiri: Inter Star 0-1 Rukinzo FC, Musongati FC 1-0 Inter Star hamwe na BS Dynamik 0-5 Inter Star.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: