Irambona Masudi Djuma yaronderwa na Inter Star yasinye muri AS Kigali!

Umumenyereza yahora aricegera c'umumenyereza wa Simba SC Club yahavuye asinya amasezerano yo kumenyereza AS Kigali.

Mugihe vyari bimaze iminsi bivurwa ko umumenyereza w’umurundi Irambona Masudi Djuma ari mubiganiro n’umugwi wa Inter Star nkuko vyemejwe nuwusanzwe ajejwe kugura muruyo mugwi  Yasin Taraq, co kimwe  nayandi makuru yavugako Masudi Djuma yari mubiganiro n’abarongoye umugwi wa AS Kigali wo mugihugu c’Urwanda, noneho vyahavuye bija ahabona uyo mumenyereza yahora aricegera c’umumenyereza wa Simba SC Club yahavuye asinya amasezerano yo kumenyereza AS Kigali.

Kuruyu wa gatanu  niho AS Kigali yerekanye kumugaragaro abakunzi bawo uyo mumenyereza.

Masudi Djuma batazira « Commando »  mu majambo yiwe yashikirije mu ncamake  yaremereye gufasha AS Kigali gutahukana igikombe c’ihiganwa ryo murico gihugu kizwi nka ‘AZAM Rwanda Premier League’ mugihe uyo mugwi mu mwaka uheze wafashe ikibanza ca kabiri.

Muri AZAM Rwanda Premier League, Irambona Masudi Djuma izina ryiwe ntabwo aririshasha asanzwe azwi nk’umukinyi co kimwe  nk’umumenyereza  muriyo higanwa, kuko imbere yo kuja muri Simba SC yamenyereza umugwi wa Rayon Sports ndetse yarawukinyemwo.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: