Aigle Noir/ Joslin Bipfubusa ati ntabwo yishimye kunganya na Buja City!

Oya ntabwo nishimye kunganya kuko umuntu wese aza mukibuga  yipfuza gutsinda, uno munsi twabuze amahirwe kugira ngo dushobore gutahukana itsinzi.

Inyuma yo kunganya n’umugwi wa Buja City kimwe ku kindi (1-1) murukino rw’indwi ya 12 y’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi murukino rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, Joslin Bipfubusa umumenyereza wa Aigle Noir yamenyesheje ko babuze amahirwe kugira ngo bashobore gutsinda nkuko bari bamaze iminsi bavyifatamwo neza ndetse ntiyavyakiriye neza kunganya na Buja City.

Oya ntabwo nishimye kunganya kuko umuntu wese aza mukibuga  yipfuza gutsinda, uno munsi twabuze amahirwe kugira ngo dushobore gutahukana itsinzi.

Uyu mumenyereza wa kera wa Messager Ngozi FC yamenyesheje kandi ko atari iminsi yose bazokwama batsinda kanatsinda ihiganwa riracasigaje inkino nyishi zisigaye, akongera kumenyesha ko ata bwoba bafise nubwo vyoshoboka Musongati FC yogabanya ubudasa bw’amanota basumbana.

Naho tunganije abandi baracakina, ihiganwa riracabandanya, haracari kare, ntitwavuze ko tuzotsinda inkino zose. Tuzokina ihiganwa hama dushime  imana kubizoba vyabonetse vyose. Kugabanya ubudasa bw’amanota… eka mbere ubudasa ntibwari bunini cane, ubudasa bw’amanota 6, naho ubudasa bwayo manota yogabanuka  bukaja ku manota 4 ntangorane kuko ihiganwa riracari mu ntango.

Joslin Bipfubusa yarangije amenyesha ko imana niyabafasha muruno mwaka bashobora gutahukana igikombe ca Primus Ligue Burundi.

Uru rukino Aigle Noir yanganije na Buja City rubaye urugira kabiri uno mugwi unganije kanatsinda niwo mugwi wonyene muruno mwaka utaratsindwa.

 

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: