Bumamuru FC/ Thierry Nimubona ‘Shombe’ yanditse ikete ryo guhagarika akazi!

Muriryo kete yandikiye abarongoye Bumamuru FC ngo nuko yaritanze  uko ashoboye kwose kugira  ngo uyo mugwi ubandanye witwara neza ariko ivyo yasavye vyose ntibabimuhaye.

Umumenyereza w’umugwi wa Bumamuru FC, Nimubona Thierry batazira ‘Shombe’ yandikiye ikete ryo guhagarika akazi  abarongoye uyo mugwi kuruyu wa kabiri itariki 23 Gitugutu 2018.

Impamvu zatunye uno mumenyereza wa kera wa Flambeau De L’est ahagarika akazi muruyo mugwi nkuko tubisanga muriryo kete yandikiye abarongoye Bumamuru FC ngo nuko yaritanze  uko ashoboye kwose kugira  ngo uyo mugwi ubandanye witwara neza ariko ivyo yasavye vyose ntibabimuhaye kubwiwe abifata ngo kumumaramaza.

Thierry Shombe afashe ino ngingo mugihe Bumamuru FC imaze inkino 4 idatsinda canke inganye urukino na rumwe.  Ni mugihe kandi uno mugwi wo mu ntara ya Cibitoke ubarizwa mu kibanza 7 n’amanota 16 n’umwenda w’ibitsindo 2 muri Primus Ligue Burundi igizwe n’imigwi 16.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares