Igitoro Kirakenye Ku Mugwa Mukuru w’Intara Ya Gitega.

Igitoro c’ubwoko bwa mazout naco kikaba kigurishwa hagati y’3000 n’4000 iritiro imwe mu gihe kugiciro ca leta ari 2380 iritiro imwe.

Igitoro kirakenye ku mugwa mukuru w’intara ya Gitega. Kuri magendo iritiro rya essence rigurwa hagati 4000 na 6000 vy’amafaranga y’amarundi ni mu gihe iritiro y’amazutu igurwa hagati 3000 na 4000.

Aho twashoboye gushika aho i Gitega, ngo kuva ku musi wa kabiri nta bitoro vyo mu bwoko bwa essence na mazout birangwa  mu ma station atandatu atanga igitoro ari mu gisagara ca Gitega.

Inyuma yuko mu ndwi iheze igitoro caza kirabura congera kiboneka, ubu kuri magendo igitoro ca essence kigurwa amahera ari hagati y’4000 na n’6000  iritiro imwe mu gihe igiciro ca leta cari kuri 2430 kw’iritiro.

Igitoro c’ubwoko bwa mazout naco kikaba kigurishwa hagati y’3000 n’4000  iritiro imwe mu gihe kugiciro ca leta ari 2380 iritiro imwe.

Tubamenyeshe yuko ibiciro vyo kwiyunguruza mu miduga canke  kuma pikipiki bitaratangura kuduga. Abakoresha ivyo vyuma bakavuga ko bagikoresha igitoro bari basanganywe. Abakora ku ma station nabo ngo ntibazi igituma igitoro cabuze.

Abafise ivyuma bikoresha igitoro nabo bakaba bafise amakenga yuko ibeyi y’igitoro yoba igomba isubire kuduga kubera bamenyereye yuko iyo igitore gihaye kibura, hakurikira iduzwa ry’igiciro caco. Bagasaba rero yuko igitoro kiboneka ari cinshi kandi kw’ibeyi gisanzwe kigurishwako.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Gira ico ubivuzeko: