Ngo Umwigisha Yahagaritse Kwigisha Kugira Abandanye Ivyigwa Vyiwe Ntiyarakwiye Kugira Ingorane Yo Gusubira Mu Kazi.

Emmanuel MASHANDARI amenyesha kandi yuko icibonekeza ari uko bavuye kwiga bazanye urupapuro rwa IPEA 5 basubiye kuja gusaba akazi mu bushikiranganji ntibashoka babakira. Ngo vyiza rero nuko ubushikiranganji bw’indero bwoca bubaronderera akazi ahandi kugira ngo bwa bumenyi bavuye kwongereza bushobore kugirira akamaro abana.

Ngo umwigisha yahagaritse kwigisha kugira abandanye ivyigwa vyiwe ntiyarakwiye kugira ingorane yo gusubira mu kazi. Emmanuel MASHANDARI arongoye syndicat y’abigisha  CONAPES abona kandi yuko umurwi utanga akazi wari ukwiye guhera kuri abo bigisha na rirya ubukene bw’abigisha bwibonekeza mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Umukuru wa syndicat CONAPES abivuze mu nyuma yaho bamwe mu bari bafise imyaka 3 ya kaminuza bavuze ko bumwe mu buyobozi  bw’indero mu ntara butabakira kandi bafise amakete y’ubushikiranganji abemerera gusubira mu kazi inyuma yukurangiza imyaka itano ya kaminuza.

Emmanuel amenyesha kandi yuko bamaze kubona ibitigiri vy’abigisha bamaze kubitura bababwira yuko bahawe uburenganzira n’ubushikiranganji bwo kuja kwiga kugira bongereze ubumenyi.

Emmanuel MASHANDARI amenyesha kandi yuko icibonekeza ari uko bavuye kwiga bazanye urupapuro rwa IPEA 5 basubiye kuja gusaba akazi mu bushikiranganji ntibashoka babakira. Ngo vyiza rero nuko ubushikiranganji bw’indero bwoca  bubaronderera akazi ahandi kugira ngo bwa bumenyi bavuye kwongereza bushobore kugirira akamaro abana.

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: