El-Classico: FC Barcelona udafise Lionel Messi uhejeje kunyagira Real Madrid 5-1.

Philipe Coutihno niwe yatanguye kwinjiriza FC Barcelona ku mupira mwiza yahawe na Jordi Alba, Luis Suarez yongereza igitsindo ca kabiri kuri penalty kw'ikosa yakorewe na Raphael Varane.

Mu rukino rw’indwi ya 10 y’ihiganwa rya La Liga, Umugwi wa FC Barcelona ku kibuga cabo ca Camp Nou washoboye kunyagira umugwi wa Real Madrid muri El-Classico ya mbere muruno mwaka ibitsindo 5-1 mugihe uyo mugwi utarufise kizigenza wayo Lionel Messi arimumvune.

Philipe Coutihno niwe yatanguye kwinjiriza FC Barcelona ku mupira mwiza yahawe na Jordi Alba, Luis Suarez yongereza igitsindo ca kabiri kuri penalty kw’ikosa yakorewe na Raphael Varane, igice ca mbere kirangira FC Barcelona ifise bibiri ku busa bwa Real Madrid.

Mugice ca kabiri Real Madrid igaruka izikenyereye gose ndetse iraronka igitsindo ca mbere ibikesheje umukinyi wayo w’inyuma Marcelo. Real Madrid yabandanije isatira nubwo ata kindi gitsindo yahavuye ironka maze Luis Suarez yiyongera ikindi gitsindo ca 3 nica 4, hama Arturo Vidal yari yasubiriye  Arthur Melo yinjiza igitsindo ca 5 ca FC Barcelona, gutyo urukino rurarangira FC Barcelona ifise 5 kuri 1 ca Real Madrid.

Umugwi wa FC Barcelona uciye ufata ikibanza ca mbere n’amanota 21 ni mugihe Real Madrid ibarizwa mu kibanza 9 n’amanota 14.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares