Messager Bujumbura/ Kazadi Milambwe ngo ntakintu nakimwe Messager Ngozi FC yabarushije!

Umugwi wa Messager Ngozi FC warashoboye gutsinda ibitsindo bibiri kuri kimwe umugwi wa Messager Bujumbura  basanzwe basangiye ishure ry’Academie Le Messager, hari murukino rw’indwi ya 13 y’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore hari kuruyu wa gatandatu.

Kubwa Kazadi Milambwe umumenyereza wa Messager Bujumbura avugako atakintu nakimwe Messager Ngozi FC yabarushije kiretse amahirwe yonyene.

Nta kintu Messager Ngozi FC yaturushije kiretse amahirwe yonyene. Bashoboye kuronka ibitsindo hakiri kare, ariko natwe twakinye neza igice ca kabiri ariko ntitwaronse ibitsindo.

Mugihe umugwi wiwe uri mukibanza canyuma n’amanota 6 gusa Kazadi avugako arizera ko ibihe bishobora guhinduka.

Ihiganwa nuku nyene rimeze uno munsi urashobora kuba urihano ariko ejo ibintu bigahinduka ukaba hasi canke hejuru. Messager Bujumbura ntirakoroka canke igume mw’ihiganwa ariko ihiganwa riracabandanya.

Mu nkino 13 Messager Bujumbura umaze gukina, umaze gutsinda rimwe, unganya 3 utsindwa inkino 9.

  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  
  •  

About Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

Check Also

FC Barcelona : Umwuzo wa Sergio Agüero umaze kumenyekana!

Mugihe amasezerano yiwe na Manchester City ari mumpera , Sergio Agüero 32, inkino 18, ibitsindo …

- Sponsored Advertisement -