Messager Ngozi FC/ Jimmy Ndayizeye ngo amanota atatu yarinkenerwa.

Ico novuga nuko abakinyi umengo batashoboye kwiyemera baca baja muvyo kuzibira ibitsindo twari twasinze.

Kuva aho aherewe amabanga yo kumenyereza umugwi wa Messager Ngozi FC, kuruyu wa gatandatu niho Jimmy Ndayizeye batazira ‘Giti’ yashoboye kuronka itsinzi yiwe ya mbere nk’umumenyereza wuyo mugwi atsinda Messager Bujumbura 2-1 mu nkino 4 za Primus Ligue Burundi amaze kumenyereza uyo mugwi.

Kubwa Jimmy Ndayizeye yashimiye abakinyi biwe ukungene bitanze kanatsinda amanota atatu kuribo yari nkenerwa cane.

Twatanguye urukino neza aho twashoboye gusatira cane, turaronka ibitsindo bibiri hakiri kare, uravye no mugice ca mbere nko mu minota 20 yambere twarikuronka ibitsindo bitari bike ariko munyuma bari bameze nkabatinya baca baja kuzibira. Ndashimira abakinyi banje ukuntu bashoboye kwitanga kuva mu ntango gushika urukino rurangire maze tugatahukana amanota atatu twari dukeneye cane.

Uyo mumenyereza wa kera wa Bugesera FC avugako kuva agishika muruyo mugwi nuko yasanze harimwo amakosa y’inguvu hamwe  n’ubuhinga  ariko arayakosora buke buke.

Nivyo igihe nashitse mu mugwi hararimwo amakosa ajanye n’inguvu hamwe n’ubuhinga nivyo ndiko ndagerageza gukosora mu nkino zi biri tumaze gukina urabona ko hariho ivyo tumaze gukosora. Turizeye ko no muzindi nkino tuzoba tumaze gukosora ibindi bitari bike.

Icatumye Messager Ngozi FC izibira mugice 2 ndetse uraremerwa, Jimmy avugako vyaturutse ku bakinyi biwe tashoboye kwiyemera.

Ico novuga nuko abakinyi umengo batashoboye kwiyemera baca baja muvyo kuzibira ibitsindo twari twasinze ariko iyo biyemera bagakina barikuronka ibindi bitsindo.

Ndayizeye Jimmy arizera ko umugwi wiwe ushobora kuva mu bibanza bibi urimwo kuko ngo ntakidashoboka mu mupira.

Ego ntakidashoboka mu mupira tugiye gukora muri zino nkino zi biri zisigaye, turabe ko twozironkamwo itsinzi kugira ngo tuve mukibanza kibi  turimwo.

Ndayizeye Jimmy amaze kumenyeza Messager Ngozi FC inkino zine za Primus Ligue Burundi amaze kuronka itsinzi 1 akanganya 2 agatsindwa urukino rumwe.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:
Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko musabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

Only Abanywanyi bonyene nibo barekuriwe kwandika ivyiyumviro vyabo hano.

Shares