Umusi Mpuzamakungu Wahariwe Kurwanya Indwara Yo Mu Mutwe Bita AVC.

kubwa muganga Marc NIMBURANIRA ngo ibiyitera rero ahanini nivyo bita facteurs de risque cardio vasculaire mu gifaransa nk’indwara y’umurindi w’amaraso, indwara y’igisukari, kunywa itabi, kugira ibiro vyumurengera, kutagira ikarashishi, kudafungura neza canke barya bantu batisuzumisha bumvise yuko umutima wiruka navyo nyene birashobora gutera iyo ndwara yo mu mutwe.

Indwara ifatira mu mutwe iyo bita AVC mu gifaransa ngo  iva ku turingoti two mu mutwe tuba twazivye canke tugakomereka. Ivyo bisigurwa na muganga Marc NIMBURANIRA mu gihe kuri uyu wa 29 gitugutu ari umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya iyo ndwara.

kubwa muganga Marc NIMBURANIRA  ngo ibiyitera rero ahanini nivyo bita facteurs de risque cardio vasculaire mu gifaransa nk’indwara y’umurindi w’amaraso, indwara y’igisukari, kunywa itabi, kugira ibiro vyumurengera, kutagira ikarashishi, kudafungura neza canke barya bantu batisuzumisha bumvise yuko umutima wiruka navyo nyene birashobora gutera iyo ndwara yo mu mutwe.

Muganga Marc NIMBURANIRA asaba yuko ivyo abantu bogerageza bakavyitaho neza ku buryo habaye indwara y’umurindi w’amaraso, indwara y’igisukari kuko iyo batavyitayeho neza ingaruka mbi niyo ndwara yo mu mutwe ariyo bita AVC.

Ngo iyo ndwara irahari kandi iyo ije, iyo itishe kenshi usanga uwoyafashe agumana ubumuga budakira, ugasanga niwa muntu atagishobora gukora ivyo yarasanzwe akora, ugasanga niwa muntu atagishobora kuvuga

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: