Ehe umwimbu uranga Inter Star mu nkino zakivandimwe, umaze gutsindwa 4, unganya 2, utsinda rimwe.

Inter Star mu nkino za kivandimwe ntivyifashe neza.

Mu ntumbero yo kwitegurira neza ihiganwa ryo mucicaro ca kabiri Ligue B umugwi wa Inter Star urabandanya ukina inkino zitandukanye zakivandimwo, aho kuruyu wa gatatu ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore watanye mu mitwe nuwundi mugwi uzokina icicaro ca kabiri Muzinga FC gutyo urukino rwarangiye kuntsinzi ya Muzinga y’ibitsindo 3 kuri 1.

Bagiye kuruhuka mugice ca mbere Muzinga FC ifise ibitsindo 2-0. Inter Star iza mugice ca kabiri izikenyereye kuburyo yaciye ironka igitsindo ca mbere biba 2-1, ariko umugwi wa Muzinga FC ushobora kuronka ikindi gitsindo ca 3 gutyo iminota 90’ irarangira Muzinga FC 3-1 Inter Star.

Rubaye urukino rugira indwi rwakivandimwe Inter Star ikinye. Murizo nkino umaze gutsinda urukino 1 unganya 2, utsindwa 4.

Inter Star 0-1 Rukinzo FC

Musongati FC 1-0 Inter Star

Rukinzo FC 0-0 Inter Star

Inter Star 5-0 BS Dynamik

Rukinzo FC 2-1 Inter Star

Inter Star 2-2 Aigle Noir

Muzinga FC 3-1 Inter Star.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: