#RealMadrid: Antonio Conte yahakaniye uyo mugwi!

Real Madrid ifise imigambi idashimisha Antonio Conte niyo mpamvu atipfuza kuwujamwo.

Mugihe ariwe yahambwa amahirwe menshi cane yogusubirira umumenyereza Julen Lopetegui aherutse gusezererwa n’umugwi wa Real Madrid, Antonio Conte ngo ntazoja muruyo mugwi wa b’amerengue nkuko tubikesha ikinyamakuru Sky Sports c’abongereza ngo bivanye n’imigambi yuwo mugwi idashimisha uyo mumenyereza wa kera wa Chelsea.

Diario Gol

Ico kinyamakuru kirabandanya kimenyeshako uyo mutariyano atipfuza mbere kumenyereza murikino gihe nubwo atakazi afise ahubwo yipfuza gusubira kuntebe y’ubumenyereza mu mwaka uza. Ivyo rero birashobora guha amahirwe menshi cane umumenyereza Santiago Solari kubandanya amenyereza uyo mugwi ikiringo kitari gito.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: