ku muhingamo wo kuri uyu wa 5 mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, mw’isekeza ry’imisi 60 ryo kurwanya inzoga zitemewe, igitoro ca magendo, abigana imikono co kimwe n’abakenyezi badanza umubiri, umuboyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwarafashe ama ritiro 700 y’inzoga atemewe n’amategeko.
Umukuru w’igisagra ca Bujumbura, Freddy NIMBONA avuga ko iryo sekeza rigamije gutsimbataza amahoro mu gisagara ca Bujumbura.
Freddy MBONIMPA avuga kandi ko mu gihe batangura ico gikorwa bumvikanye yuko mu ngingo zimwe zimwe zigiye gufatwa no gukurikizwa harimwo inzoga zitemewe n’amategeko, hari abanywa rumogi, abarudandaza, eka n’ibindi.
Mu gutanguza ico bise imisi mirongo itandatu yo kugwanya inzoga zitemewe n’amategeko kugira twinjire mu mwaka w’ibihumbi 2019 igisagara gitunganije neza mu bijanye amagara y’abantu, imibano, n’umutekano, kuri uyu wa gatano, Freddy amenyesha yuko baciye mu Carama, mu Kamenge, mu Kinama. Mu kamenge bahasanze bwa buzu abantu bashurashuriramwo, ngo banahafatiye abatari bake. Ikindi amenyesha nuko mu Carama bahafatiye ba bandi bigana impapuro kuko basanze bakora impapuro zimwe zitangwa n’intwaro, ibidodo, impuro za gaciro zose.Muri zone ya Buyenzi hafashwe bimwe mu bikoresho vy’abadandaza igitoro ca magendo.
Freddy NIMBONA agasaba abajejwe intwaro kubandanya ico gikorwa kuko mu misi 60 bazoheza barabe aho bakigejeje.
Umukuru w’igisagara ca Bujumbura akagabisha abajejwe intwaro bakorana nabo bantu mu kinyegero ko nibafatwa bazohanwa mbere bagakurwa no mu mabanga bafise.
Tubamenyeshe yuko ubwo buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwatanze umuco ku ngingo buheruka gufata mu bijanye n’imiduga itagikora yuzuye mu mabarabara.
Freddy MBONIMPA avuga ko ngo mu ngingo bafashe harimwo iyo gukura mu ma barabara ibiduga bitagikora. Ngo hari abantu bahebera imiduga itagikora mu ma barabara ugasanga hinyegejemwo abagizi ba nabi, canke ugasanga haba amasanganya. Ivyo rero ngo bikaba vyibonekeza cane cane muri zone ya Buyenzi. Ngo ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwaratanze i kiringo kitarenze ukwezi kumwe. Freddy MBONIMPA akavuga ko batabujeje abakora imiduga kubandanya akazi kabo ariko ngo iyo ngingo yerekeye ibiduga bitagikora vyokurwa mu ma barabara yiyo zone mu kurindira ko babaronkera ikibanza bakoreramwo.Ngo abatozokurikiza iyo ngingo bazobaca ihadabu
Vous devez vous connecter pour laisser un commentaire.