Vital’O FC/ Jean Gilbert Kanyenkore ati « Musongati FC irafise akantu ko kutamenye gutsinda »

Ico kintu bategerezwa kugikorerako kuko hagati barakina neza n'inyuma barazi kuzibira mugabo imbere barata inguvu.

Murukino rw’indwi ya 14 y’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi, umugwi wa Vital’o FC waratsinze igitsindo kimwe ku busa (1-0) umugwi wa Musongati FC hari kuruyu wa gatandatu ki kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, igitsindo cuyo mugwi kikaba cabonetse kumunota 93, cijijwe na Sudi Abdallah.

Kubwa Jean Gilbert Kanyenkore batazira « Yaoundé » aremera ko nubwo batsinze urwo rukino ariko ntirwari rworoshe kanatsinda Musongati FC wabarushije gutembereza neza umupira ariko ngo barafise akagorane ko kutamenye gutsinda iyo bafise urukino mumaboko.

Urukino ntirwari rworoshe nagatoyi kandi birumvikana ko Musongati FC idafise ikibanza ciza kubusa nuko babikwiriye, vyagaragaye mu kibuga ko arumugwi mwiza cane mugabo nabo barafise akantu ko kutamenye gutsinda narirya aribo baribafise urukino. Novuga kandi ko baturushije gutembereza umupira sivyo guhisha vyagaragaye mugabo itsinzi yuno munsi nayakiriye n’umunezero mwinshi cane.

Youndé avuga kandi ko Musongati FC yabuze ishaka ryoguheraheza igikorwa mugihe aribo bari bafise urukino.

Babuze ishaka ryo gutsinda, umupira bari bawufise kubice vyinshi cane mugabo gutsinda bibabera ikibazo. Ico kintu bategerezwa kugikorerako kuko hagati barakina neza n’inyuma barazi kuzibira mugabo imbere barata inguvu.

Tubibutse ko Vital’o FC uciye urumanya inkino 5 wikurikiranya utsinda.

 

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: