#Burundi: Uku Niko Imigwi Yatsindanye Mu Ndwi Ya 14 Ya Primus Ligue.

umugwi wa Vital'O FC warumanije inkino 5 wikurikiranya utsinda, inyuma yo gutsinda Musongati FC wo mu ntara ya Gitega igitsindo 1-0 kuruyu wa gatandatu ku kibuga umuganwa Rudoviko Rwagasore,  akanyamuneza karabandanya kuruhande rwa Aigle Noir "The Fighters" washoboye gutsinda Les Lierres FC 2-0 kuruyu w'imana ku kibuga Urumuri mu ntara ya Ruyigi.

Mumpera zino ndwi ihiganwa rya Primus Ligue ryarabandanije ku bibuga bitandukanye aho ryari rigeze mu ndwi yaryo ya 14, inkino 8 nizo zakinywe, umugwi wa Vital’O FC warumanije inkino 5 wikurikiranya utsinda, inyuma yo gutsinda Musongati FC wo mu ntara ya Gitega igitsindo 1-0 kuruyu wa gatandatu ku kibuga umuganwa Rudoviko Rwagasore,  akanyamuneza karabandanya kuruhande rwa Aigle Noir « The Fighters » washoboye gutsinda Les Lierres FC 2-0 kuruyu w’imana ku kibuga Urumuri mu ntara ya Ruyigi. Mugihe kuruhande rwa Messager Ngozi FC wavyitwayemwo neza uri muhira mugutsinda 2-1 Bumamuru FC wo mu ntara ya Cibitoke.

Muri rusangi uku niko iyo migwi yose yagiye iratsindana.

Flambeau De L’Est 0-1 Bujumbura City

Flambeau Du Centre 1-2 Kayanza United

Ngozi City 1-1 Messager Bujumbura

Olympic Star 3-1 Athletico Olympic

Vital’O FC 1-0 Musongati FC

Messager Ngozi FC 2-1 Bumamuru FC

Aigle Noir 2-0 Les Lierres FC

LLBS4A 1-0 Rukinzo FC.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: