#Burundi:Isoko Ry’imitahe Riherutse Kwemezwa n’Inama Nshingamateka Ngo Ntirije Gusubirira Ama Banki

Arsène MUGENZI asigura yuko abo bafise imitahe n’abo bayikeneye baheza bagahura atawubaciyemwo ni ukuvuga yuko batanga imigambi yabo yizwe neza ico bagiye kuyikoresha hanyuma abafise imitahe nabo bagaheza bakazana iyo mitahe yabo baravye ico bazokwungukamwo. Ngo muri ico gihe harabaho uwucungera iryo soko ry’imitahe kugira ngo arabe ko uyo muntu akeneye iyo mitahe, ivyo yavuze bifise inshingiro.

Isoko ry’imitahe riherutse kwemezwa n’Inama Nshingamateka ngo ntirije gusubirira ama banki mu Burundi ahubwo ama banki azokwunganira iryo soko. Ivyo bivugwa na Arsène MUGENZI ajejwe gucungera isoko ry’imitahe mw’ibanki nkuru y’igihugu. Hakaba hari m’umubonano iyo banki  BRB yagiriraniye n’abamenyesha makuru basanzwe bitaho ibibazo vy’ubutunzi kuri uyu wa mbere.

Arsène MUGENZI  amenyesha yuko mw’ibanki nkuru y’igihugu hariho uwo mugambi wo gushiraho isoko ry’imitahe. Ngo isoko ry’imitahe n’isoko rihuza abanyamitahe, abafise uburyo hamwe n’ababukeneye.

Arsène MUGENZI asigura yuko abo bafise imitahe n’abo bayikeneye baheza bagahura atawubaciyemwo ni ukuvuga yuko batanga imigambi yabo yizwe neza ico bagiye kuyikoresha hanyuma abafise imitahe nabo bagaheza bakazana iyo mitahe yabo baravye ico bazokwungukamwo. Ngo muri ico gihe harabaho uwucungera iryo soko ry’imitahe kugira ngo  arabe ko uyo muntu akeneye iyo mitahe, ivyo yavuze bifise inshingiro.

Ngo akarusho k’isoko ry’imitahe kari ngaho nyene kuko abo bantu bakeneye imitahe minini barashobora kuyironka baciye mu ma banki bayihawe nabo bandi bafise uburyo bunini  nyene.

Akandi karusho gahari ngo ni uko uyo muntu akeneye umutahe ashobora kuwuronka, akawuronka mu bantu benshi cane bazanye uduce dutoduto kugira  wa muntu mutoyi yari yifitiye uburyo buciriritse nawe nyene ashobore kugura agace kamwe canke ashobore kugura uduce twinshi bivanye n’uburyo afise.

Amakenga ntashobora kuhaba yuko iryo soko ry’imitahe ryofuta ama banki mu gihugu ahubwo azokomera kuko iryo soko ry’imitahe mu bintu vyinshi rizana ni kwongereza ibidandaza ama banki yarasanzwe afise muri babandi bagize iryo soko ry’imitahe kuko igipande kinini cane gikorwa nayo ma banki.

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: