#Burundi: Ubushikiranganji bw’Amagara y’Abantu Busaba Ko Amashirahamwe Hamwe n’Ibigo vy’Ubuvuzi Kama Bihagarikwa vy’Imfata Kibanza.

Jean Bosco GIRUKWISHAKA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw'amagara y'abantu avugako ko abo bavuzi kama bakoresha impapuro bahabwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bagaca batangura gukora mu gihe bategerezwa kuba bafitaniye amaseserano n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu imbere yuko batangura kuvura.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba ko amashirahamwe hamwe n’ibigo vy’ubuvuzi kama bihagarikwa vy’imfata kibanza. Nkuko biri mu rwandiko rw’umushikiranganji bw’amagara y’abantu, muganga Thaddée NDIKIMANA yarungikiye mugenzi we w’intwaro yo hagati amenyesha yuko hari abikika inyuma y’ubuvuzi kama mukwiba abanyagihugu.

Jean Bosco GIRUKWISHAKA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu avugako ko abo bavuzi kama bakoresha impapuro bahabwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bagaca batangura gukora mu gihe bategerezwa kuba bafitaniye amaseserano n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu imbere yuko batangura kuvura.

Kubwa Jean Bosco GIRUKWISHAKA, ngo guhagarika ayo mashirahamwe y’ubuvuzi kama ntibisugura yuko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu budashigikiye ivyo bakora. Ngo nuko bashaka yuko ubwo buvuzi bukora mu mategeko.

Bamwe mu bivuza mu bigo vy’ubuvuzi kama rero bakaba batewe impungenge n’ingingo  y’ubwo bushikiranganji isaba ko ivyo bigo vyugagwa vy’imfata kibanza. Bamwe mu baganiriye na Magaratimes bavuga ko ivyo bigo bibafasha kandi bikabaronsa imiti izimbutse mu gihe imiti y’ikizungu yoyo izimvye. Bagasaba ubushikiranganji bw’amagara y’abantu gukorana n’ivyo bigo ku neza y’abarwayi.

 

Sandrine Josée BAHATI

Sandine Josée BAHATI ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, BAHATI Amenyesha amakuru ajanye n'Amagara (Santé) hamwe n'amakuru ajanye n'Indero (Education) n'ayajanye n'Imibano (Relations). Mwandikire kuri: bjsandrine@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko: